Scroll to Top

Abamenyeshamakuru bahamagarirwa gukoresha neza imbuga ngurukanabumenyi

By La Rédaction / Published on Wednesday, 21 Feb 2018 02:37 AM / /
               Nestor Bankumukunzi, umushikiranganji ajejwe itumatumanako ry’amakuru

Mu ruganda rwateguriwe abamenyeshamakuru bakorera insamirizi zegereye abanyagihugu (radios locales), umushikiranganji ajejwe amaposita n’ugutumatumanako amakuru, yahamagariye abamenyeshamakuru gukoresha neza imbuga ngurukanabumenyi na canecane mu bihe bitoroshe vy’amatora yimirije kuko ngo hari abantu batari bake bakunze kwinyegeza inyuma y’izo mbuga ngurukanabumenyi mu gushikiriza amakuru atariyo.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 20 Ruhuhuma uwu mwaka, umushikiranganji ajejwe amaposita n’ugutumatumanako amakuru Nestor Bankumukunzi yaruguruye icese uruganda ruzomara imisi ibiri ku bamenyeshamakuru bakorera insamirizi zegereye abanyagihugu (radios locales) mu ntumbero y’ukubanagura mu mwuga wabo.

Umushikiranganji Bankumukunzi akaba yaboneyeho guhamagarira abamenyeshamakuru kwama na ntaryo bashikiriza amakuru arimwo ituze mu gukurikiza amategeko agenga umwuga wabo na canecane mu bihe bitoroshe tugiye gutangura bijanye n’amatora.

Urwo ruganda ruzomara imisi ibiri rukaba rwateguwe n’ubushikiranganji bw’amapisita n’ugutumatumanako amakuru bufasikanije n’ishirahamwe UNESCO.

3,792 total views, 0 views today

Add Comment