Scroll to Top

Abarundi bahamagarirwa kuzoraga abana babo igihugu kirangwamwo ituze

By Janvier Nzokurigomba / Published on Thursday, 22 Feb 2018 04:26 AM / /

Umukuru w’igihugu cacu, Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza yaraye atanze inyigisho zikundisha igihugu ku bavukantara hamwe n’abasanzwe barangurira imirimo yabo mu ntara ya Bujumbura aho yahamagariye abari bazitavye ko bomenya kuzoraga abuzukuru n’abuzukuruza babo igihugu kirimwo ituze kirangwamwo amahoro n’umutekano.

Izo nyigisho zikaba zabereye ku musozi wa Kimina wo muri zone Mubone muri komine Kabezi kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 21 Ruhuhuma uwu mwaka.

Mw’ijambo ry’ikaze, buramatari w’intara ya Bujumbura umupfasoni Nadine Gacuti yamenyesheje ko mu ntara arongoye harangwa amahoro n’umutekano kubw’ugukorana neza hagati y’abatware, abenegihugu, abajejwe umutekano hamwe n’amakomite y’umutekano. Eka ntiyibagiye n’ukumenyesha ko abenegihugu bo muri iyo ntara gushika ubu ikibaraje ishinga ari ukwijukira ibikorwa vy’imigambi y’iterambere mu gusanura igihugu.

Karerwa Jean Claude asanzwe ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko umukuru w’igihugu cacu yatunganije izo nyigisho mu ntumbero y’ugushira mu ngiro uruganda yiyemeje rw’ukwama hafi y’abenegihugu mu kubamenyesha ukuri kuri kahise k’igihugu cacu maze babone gutegura kazoza keza, uruganda yatanguje haraheze umwaka umwe n’amezi abiri.

Inyuma y’izo nyigisho, umukuru w’igihugu cacu akaba yaboneyeho gushika ahasanzwe hariko haracukurwa ubutare bw’i Gakara n’ishirahamwe Rainbow Mining Burundi aho gushika ubu amatoni yabwo ashika kw’ijana ariyo ngo amaze gushorwa hanze y’igihugu.

1,801 total views, 0 views today

Add Comment