Scroll to Top

Dady Face aravuga ku  biturire bivurwa mu bamenyeshamakuru

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 22 Feb 2018 06:58 AM / /

Uwutegura amafaranga yo kuja muri Studio gukora Indirimbo ngo yarakwiye gutegurana n’ayo Promotion.

 

Ivyo benshi bita ibiturire mu bamenyeshamakuru ngo ntivyari bikwiye kwitwa uko. Dady Face akaba yabiyagiye Indundi Radio aho we avuga ko vyari bikwiye kwitwa irindi zina.

Mu kiyago yagiranye na Indundi Magazine, avuga ko abaririmvyi bamaze gufata ico gikorwa nk’umwuga ngo iyo bategura uburyo bwo kujana muri Studio ngo banategurana ubwo gukoresha muri Promotion.

Aho akavuga ko ico gikorwa  gisanzwe gikorwa mu bihugu bindi,  naha iwacu ngo ama radio yarakwiye kugitanguza. Yanongeyeko ko baramutse babitanguye ngo yoba uwa 1 kubikora.

Sponsored

Uwo mwanditsi w’akaririmbo  Ntampata wapi, avuga ko ngo  harimwo akarusho kanini mu kuriha ayo ma radio, ngo kubera Promotion iheza igakorwa uko mwabiyaze. Iyo batabikoze uko mwabiyaze ngo uraheza ukabitwarira canke ukabasaba kubihindura.

Ata gihindutse akazogira ico avuze ku bikorwa yimirije gukora muri uno mwaka mu kiganiro Indundi Hit Show co kuri uyu wa 5.

 

2,546 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment