Scroll to Top

FIFA: Giani Infantino mu gisagara ca Dar es Salam.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 22 Feb 2018 14:01 PM / /

Imigenderaniranire y’ishirahamwe ry’umupira kw’isi FIFA n’ibihugu vyo muri Afrika kuri uyu munsi ni myiza cane, bikabonekera mu ngendo zibandanya zikorwa n’inzego zohe juru za FIFA mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika.

Inyuma  y’ukurongora inama ya FIFA yabereye mu gisagara ca Nouakchott mu gihugu ca Mauritania mu mpera z’indwi iheze, Giani Infantino arongoye ishirahamwe ty’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, yashitse mu gisagara ca Dar es Salam.

Igisagara ca Dar es Salam kikaba cakiriye  kuva kuri uyu wa kane, inama nkuru ya FIFA  ( FIFA Executive Summit) kubijanye n’ugutezimbere   umupira w’amaguru w’abigeme  hamwe n’abakiri bato . Ibirori biriko bibera mu nyubakwa z’ihoteli ya JNICC  mu gisagara ca Dar es Salam.

Giani Infantino akaba atagendeye igihugu ca Tanzania wenyene, arikumwe na Ahmad Ahmad arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika, n’abandi batumire harimwo n’abavuye hano mu Burundi.

Tukabibutsa ko kuri uyu wa gatatu twaraye turangije, Giani Infatino yari yakiriwe arikumwe na Prezida wa Liberia Georges Weah, Didier Drogba, Kylian Mbape hamwe na Ahmad Ahmad mu nyubakwa z’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa ( Champs Elysees ) mu gisagara ca Paris, aho bariko baganira bimwe mu bibazo bijanye n’uguteza imbere umupira w’amaguru muri Afrika.

4,628 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment