Scroll to Top

#Urwevu| Raba hano uburyo bw’ukuba umutunzi. Ibintu bija aho ibindi biri.

By Indundi Staff / Published on Friday, 23 Feb 2018 06:05 AM / /

 

Isanamu ngereranyo y’umuntunzi

Imbere y’ugutunga, ubanza gutunga! Uwobiraba atyo yogira ati ntibigira mvura yamara nivyo. Abasokuru barayamaze bati “ibintu bija aho ibindi biri”. Abahinga nabo nyene ntibabavuguruza. Nkuko vyoroshe cane ko umutunzi abandanya aba umutunzi, niko kandi n’umukene vyoroshe cane kubandanya aba umukene.

Imvo nayo si iyindi. Umutunzi arashika aho aca asigara afise ivyiyumviro vy’umutunzi gusa. Maze bimaze kumera gutyo araheza , nkuko abahinga babivuga agaca aguma akwega amafaranga , nkuko nyene vyagenduwe na ba Sokuru bati” ibintu bija aho ibindi biri”.

Ubuhinga rero si ubundi. Fata ingingo y’ukwama wibwira ko uri umutunzi. Reka kwibona uko uri ubu, ahubwo niwibone uko wifuza kuba. Uku ni ukuri kandi gukomeye. Twihweje hirya no hino mu bitabo abaciye urwevu banditse, dusanga vy’ukuri ari ibanga abantu benshi bakoresheje kugira bashike kure. Ivyo wiyumvira, ukanavyemera nivyo uheza ugakwega( la loi d’attraction).

None vyogutwara iki ukwiyumvira ko ufise amahera naho utoba uyafise? Erega mu ntango nyene wogira ngo n’imikino ariko yamara ni ibintu bihambaye. Nyaragasa ugire ubushakashatsi ku rubuga ngurukanabumenyi “Internet” uciye “google” urondere ukumenya uko “la loi d’attraction” ikora.

Niwabikurikiza uzobona ibitangaro.

4,705 total views, 0 views today

Add Comment