Scroll to Top

VPL: Simba Sports – Mbao FC : Hazoca uwambaye hagati y’abamenyereza bava hano iwacu.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 23 Feb 2018 13:58 PM / /

Ku wa 26 Ruhuhuma, ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Tanzania rizobandanya ku ndwi igira 19 y’ihiganwa. Simba Sports Club yo mu gisagara ca Dar es Salam ikazokwakira Mbao FC yo mu gisagara ca Mwanza.

Ino migwi ikaba ifise abamenyereza bose bava hano mu gihugu cacu, Mbao FC  imenyererezwa na Etienne Ndayiragije hamwe na Simba Sports Club, ifise icegera c’umumenyereza mukuru Masudi Juma. Iruhande rw’abamenyereza hakaba harimwo abakinyi ku mpande rw’imigwi yose.

Muri Mbao FC, harimwo  kizigenza wayo  Yusuf Lule Hakizimana ari kumwe na Mvuyekure Emmanuel  tutibagiye umunyezamu wabo Rugumandiye Yvan, Simba Sports Club nayo ikaba irimwo Laudit Mavugo nk’umusatirizi wayo.

Simba Sports Club  ikaba iri mu kibanza ca mbere c’ihiganwa n’amanota 42, aho imaze gutsinda inkino 12 inganya gatandatu mu nkino 18. Mbao FC ikaba iri mu ikibanza  ca cumi na rimwe n’amanota  19, aho bamaze gutsinda inkino zine gusa inganya inkino indwi yongera itsindwa incuro indwi.

 

 

 

5,944 total views, 0 views today

Add Comment