Scroll to Top

Urwaruka ruhamagarirwa kutajana nyabahururu ngo rugwe mu mitego y’abanyeporitike

By La Rédaction / Published on Saturday, 24 Feb 2018 04:41 AM / /

Urwaruka ruhamagarirwa kutajana nyabahururu ngo rugwe mu mitego y’abanyeporitike na canecane muri bino bihe Uburundi burimwo bijanye n’impinyanyuro y’ibwirizwa nshingiro ndetse no mu matora azokurikira.

Ivyo ni ivyaraye bishikirijwe na Faustin Ndikumana asanzwe aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro, PARCEM mu mpfunyapfunyo y’ikinyamazuru.

Faustin Ndikumana akaba yabishikirije i Bujumbura mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 23 Ruhuhuma uwu mwaka turimwo.

Hambavu y’ugutekerera impanuro urwaruka rw’Uburundi, Faustin Ndikumana yaboneyeho kandi gusaba abajejwe intwaro hamwe n’abanyeporitike kwihweza neza imvugo bakoresha gutyo ntibaze bate mu kaga abenegihugu na canecane muri bino bihe vy’amatora yimirije ku ruhande rw’impinyanyuro y’ibwirizwa nshingiro hamwe n’amatora nyezina yo mu mwaka w’2020.

3,285 total views, 0 views today

Add Comment