Scroll to Top

Cibitoke: Urunani BBC rwaraye rutahukanye igikombe imbere ya Gymkhana.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 25 Feb 2018 04:58 AM / /

 

Kuri uyu wa gatandatu w’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma, mu ntara ya Cibitoke,  haraye habereye urukino rwa kivandimwe hagati y’imigwi ibiri ya mbere  yo mu gisagara ca Bujumbura. Urunani BBC na Gymkhana yatahukanye ibikombe bikuru mw’ihiganwa ry’umwaka uheze.

Urunani BBC ukaba ariwo waraye utahukanye intsinzi ndetse uhabwa igikombe, utsinze Gymkhana ku manota 66 kuri 56. Ibitanze icizere c’ugutangura ihiganwa ry’uno mwaka bafise icizere c’ugutahukana ikibanza ca mbere.

Gymkhana inyuma y’ugutahukana igikombe c’umukuru w’igihugu, mu  ntango z’uno mwaka hamwe n’igikombe ca Play Off, nabo bariko bitegura  kubandanya bafata izina rikomeye muri Basket Ball yo mu Burundi.

Umwe mu batunganije urwo rukino Jean Paul Hatungimana akaba yaratanze insiguro y’urwo rukino, “Twifuje kwerekana ko n’intara zo hagati mu gihugu zishobora kwakira imigwi y’i Bujumbura, kakaba akaryo ko gushikana abakinyi b’ino migwi, muri bimwe mu bibanza vy’iratiro vyo mu ntara ya Cibitoke.”

Urunani BBC ikaba ikurikiranije inkino zibiri za kivandimwe itsinda, inyuma y’ugutsinda Dynamo mu mpera z’indwi iheze. Mu kurindira ko ihiganwa ryo mu gisagara ca Bujumbura ritangura mu kwezi buca dutangura.

10,565 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment