Scroll to Top

Igikorwa c’ugushira mu nyabwonko abiyandikishije ngo kiriko kigenda neza

By La Rédaction / Published on Tuesday, 27 Feb 2018 05:03 AM / /

Nk’uko yaraye abishikirije kuri uyu wa 26 Ruhuhuma waraye uheze mu gihe yari yaramutse agendera ikigo kiriko kirandika mu nyabwonko abashoboye kwiyandikisha mu matora yimirije muri Rusama no mu mwaka w’2020, umukuru w’umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI Pierre Claver Ndayicariye, ico gikorwa ngo kiriko kirarangurwa neza.

Pierre Claver Ndayicariye akaba ngo yasanze muri ako gatondo abantu bangana n’ibihumbi 390.137 bagizwe n’abagabo ibihumbi 191.699 hamwe n’abapfasoni ibihumbi 198.435 aribo bari bamaze kwandikwa mu nyabwonko (serveurs) z’ico kigo CTD (Centre de Traitement de Données).

Umukuru w’umurwi CENI Pierre Claver Ndayicariye akaba yemeza ko bitegekanijwe ko ico gikorwa co kwandika mu nyabwonko kizokorwa mu misi 20, uwu musi akaba ari uwugira gatanu kimaze gitanguye.

3,539 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment