Scroll to Top

Zeid Ra’ad Al Hussein asabwa kwisubirako ku majambo aherutse gushikiriza

By La Rédaction / Published on Friday, 02 Mar 2018 03:31 AM / /

Zeid Ra’ad Al Hussein asanzwe ari umukuru w’igisata ca ONU kiraba ivy’agateka ka zinamuntu ahamagarirwa kwisubirako ku majambo atabereye aherutse gushikiriza ku Burundi i Génève mu Busuwisi.

               Jean de Dieu Mutabazi arongoye inama nkuru ijejwe gukinga ihonyabwoko mu Burundi

Inama nkuru ijejwe gukinga no kurandurana n’imizi ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vy’agahomeramunwa iriyamiriza ivyashikirijwe n’umukuru w’igisata ca ONU kiraba ivy’agateka ka zinamuntu Zeid Ra’ad Al Hussein aho avuga ko Uburundi ari ibagiro ry’abantu.

Mw’itangazo ryiwe ryo kur’uyu wa gatatu uheze, igenekerezo rya 28 Ruhuhuma, Jean de Dieu Mutabazi arongoye inama nkuru ijejwe gukinga ihonyabwoko amenyesha ko agateka ka zinamuntu kifashe neza mu Burundi. Asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gukebura Zeid Al Hussein maze yisubireko kuri ayo majambo yashikirije hari kuri uyu wa mbere uheze i Genève mu Busuwisi.

3,484 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment