Scroll to Top

Diamond yasubiriye guhagarikirwa Indirimbo

By KING YANN COOL / Published on Friday, 02 Mar 2018 07:34 AM / /

2 muzo aheruka gukorana n’abanyamahanga ziheruka guhagarikwa ukuri kwamye Ku mboneshakure muri Tanzania.


Mu ndirimbo 15 ziheruka guhagarikwa ngo ntizizongere kwerekanywa n’imboneshakure zo muri Tanzania, 2 murizo niza Diamond.

Izo ndirimbo zahagaritswe ni Waka waka yakoranye na Rick Ross hamwe na Haleluya yakoranye n’umurwi Morgan Heritage.

Izo ndirimbo zikaba zihagaritswe inyuma yaho Nyakubahwa Dr John Pombe Magufuri umukuru w’igihugu ca Tanzania, avugiye Ku basanzwe biyambikana ubusa Ku mbuga ngurukanabumenyi hamwe no mu masanamu y’ibihangange bimwe bimwe.

Sponsored

Izo ndirimbo zikaba zitabaye iza mbere bahagaritse yarimwo, kuko hariho n’iyo yakoranye na AY nayo bakaba barayihagaritse.

Izo ndirimbo zahagaritswe zikaba ariko Zari zifashe neza Ku muhora wa YouTube, kuko Ata nimwe murizo yaharurwa musi y’invuro imiliyoni 8 imaze kurabwa.

10,744 total views, 0 views today

Add Comment