Scroll to Top

TFF iremeza ko hari abahagarikizi bayo bariko bakorwako amatohoza na CAF.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 05 Mar 2018 13:02 PM / /

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Tanzania, riramenyesha ko hari abahagarikizi bo muri ico gihugu  bariko barakorwako  amatohoza n’ishirahamwe ry’umupira   w’amagaru muri Afrika, CAF.

Mfaume Ali Nassoro, Frank John Komba,Soud Idd Lila and Israel Njunwa Mujuni n’abahagarikizi bava muri Tanzania,  bahagarikiye urukino rw’ugusubiriza hagati ya LLBS4A na Rayon Sports, urukino rwagiye kuvugwamwo ruswa yoba yaragomvye gutangwa na bamwe mu barongozi ba Rayon Sports.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya TFF, Wilfried Kidato ameyesha bahawe ikete kuva kw’igenekerezo rya 27 Ruhuhuma, bamenyeshwa ko abo bahagarikizi gushika italiki ya 6 Ntwarante boba bamaze gutanga uko vyagenze mu vyo bagirizwa.

Ivyo bikaba mu gihe hakirindiriwe raporo y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF ryamaze gutanguza amatohoza ku bivugwa ko umugwi wa Rayon Sports wifuje guha abahagarikizi amafaranga ku rukino rwabahuje na LLBS4A ku wa 21 z’ukwezi guheze.

4,293 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment