Scroll to Top

Ivya Wema Sepetu na Diamond vyahinduye isura

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 06 Mar 2018 04:00 AM / /

Inyuma y’ukuba umukunzi wiwe w’igihe kitari gito, noneho ngo agiye kuba umukozi wiwe.

Miss Tanzania 2006, Wema Sepetu arahakana gose ko atari imtandaro y’ukwahukana kwa Nasibu Abdoul azwi nka Diamond Platinumz na Zarinah Hassan azwi nka Zari The Boss Lady.

Mu kiyago yahaye kimwe mu binyamakuru muri Tanzania, avuga ko ibivurwa bifatiwe ku guhoberana yagiranye na Diamond aho Wasafi yerekana Mbosso umuririmvyi mushasha muri iyo Label, atarivyo na gato. Nayo ivyo vyavurwa akaba aruko boba berekanye ukugaruka ahabona kw’urukundo rwabo.

Sponsored

Mu kubihakana akaba yanaciye amenyesha ko Diamond agiye kuba shebuja, igihe azuguru Wasafi Tv. Uwo mwigeme akavuga ko ari mu bakozi bazokorera muri iyo mboneshakure.

3,949 total views, 0 views today

Add Comment