Scroll to Top

Nsabiyumva Fere: ” Aho ngeze ndashimira cane Jomo Sono”.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 06 Mar 2018 11:01 AM / /

Umukinyi mpuzamakungu w’umurundi, Frederic Nsabiyumva wa Chippa United mw’ihiganwa rikuru rya Afrika y’Epfo (PSL), arashimira bimwe vy’imvamutima, uwurongoye Jomo Cosmos, yahoze kinamwo kuvyo yamukoreye.

” Yarangize umukinyi w’umupira w’amaguru wo ku rwego mpuzamakungu, aho ngeze niwe ndabikesha gushika kuri  uyu munsi. Ndamushimira kubona yarandekuye nkaja mu mugwi wa Chippa United.”

Ayo n ‘amajambo aboneka mu kinyamakuru Kick Off co muri Afrika y’Epfo , mu kiganiro gito cagiranye n’uno musore yahoze ari kizigenza wa Jomo Cosmos.

Jomo Sono akaba ariwe muyobozi wa Jomo Cosmos yakinyemwo abakinyi b’abarundi bagera kuri bane ( Aimme Debo Kitenge- Valery Nahayo- Frederic Nsabiyumva- Ndayisenga Kevin Dambo).

Inyuma y’uguhabwa amasezerano y’imyaka ibiri muri Chippa United ku wa 1 Ruhuhuma 2018, Frederic  Nsabiyumva akaba amaze gukina umwanya ungana n’iminota mirongo icenda (90’), mu nkino z’igikombe ca Nedbank Cup.

 

 

 

6,566 total views, 0 views today

Add Comment