Scroll to Top

CAF Conferderation Cup: Bimwe mu biranga Al Hilal Obeid.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 06 Mar 2018 12:17 PM / /

Aho bukera ku wa 7 Ntwarante, mu ntara ya Ngozi, ku kibuga citiriwe Urukundo hazoca uwambaye habati ya Olympique Star yo mu Burundi na Al Hilal Obeid yo muri Soudan, mu nkino z’igikombe ca  Confederation ya Afrika.

Twifuje kugaruka kuri bimwe bigize uno mugwi uva muri Soudan, ni ikibanza ufise ku mugabane wa Afrika.

Al Hilal Obeid wabayeho mu mwaka 1’1931 inyuma y’umugwi mukeba wawo Al Hilal Omdurman. Al Hilal Obeid winjiye mw’ihiganwa rikuru ry’igihugu ca Sudan bita Sudanesse Premier League mu mwaka wa 2015, uza kurangiza ihiganwa ryo mu mwaka wa 2016 uri mu kibanza ca mbere  n’amanota 71.

Mu mwaka uheze wa 2017, Al Hilal wakoze ibikomeye  mu mupira w’amagur wa Afrika, mu kuja mu migwi y’amatsinda bakuyemwo Port’s Of Gambia.

Bitwa Kordophan Boys, bakaba bakuwemwo na TP Mazembe, mu nkino z’amatsinda aho bataronse amahirwe y’ugukina inkino z’ice ca kabiri gishira ica nyuma.

Al Hilal ikinisha abakinyi umunani b’imvukira ba Sudan hamwen’abandi batatu mu batangura mu kibuga bava mu bindi bihugu vya Afrika ( Senegal na Cote d’Ivoire).

Ahmed Abdelazim – Sami Abullah Dama -Omer Ali Alkhidir -Hassan Ishag -Souleymane Cissé  -Right-Back -Faisal Musa Hussein -Mofadal Mohamed Hassan – Nelson Ladzagla-
Maaz Abdelraheem Gismalla –Muhannad Tahir – Abednego Tetteh.
Urukino rwo kumunsi w;ejo rukaba rutegekanijwe igisaha c’icenda mu ntara ya Ngozi.

7,615 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment