Scroll to Top

N’Uburundi ngo ntibwari bukwiye gusigara inyuma kuko bufise ivyiza vyinshi bworata

By La Rédaction / Published on Tuesday, 06 Mar 2018 13:43 PM / /

Igisata c’ingenzi mu Burundi ngo cari gikwiye kwitabwaho gusumba na rirya ico gisata arico ngo usanga gifise uruhara rudasanzwe mu bijanye n’ubutunzi mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi. 

Ivyo ni ibiherutse gushikirizwa na Faustin Ndikumana asanzwe aramutswa ubuyobozi bw’ishirahamwe rikangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM mu mpfunyapfunyo y’ikinyamazuru.

Faustin Ndikumana agasaba Reta y’Uburundi guhagurukira ico gisata kuko ngo gitungishije ibihugu vyinshi kw’isi akabona ko n’Uburundi butari bukwiye gusigara inyuma kuko nabwo nyene bufise ivyiza bitari bike bwoshobora kurata.

Uwo arongoye Parcem agasaba ko mukugira ngo igihugu gishobore gutorera akoyoko muri ico gisata c’ingenzi ko hoshirwaho inzego zokwama zikurikiranira hafi ibijanye n’ico gisata hamwe n’uburyo bwo kubishikako.

10,314 total views, 0 views today

Add Comment