Scroll to Top

Ikigo OBR ngo cabaye kirabangira gufatira ingingo ishirahamwe Econet-Leo

By Janvier Nzokurigomba / Published on Wednesday, 07 Mar 2018 03:15 AM / /

N’aho ikiringo cari cahaye ishirahamwe risanzwe ritumatumanako amakuru Econet-Leo, ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR ngo cabaye kirabangira gufatira ingingo iryo shirahamwe kuko rikiganira na Reta.

Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Econet Leo ngo rifitiye ikigo c’igihugu kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi OBR ideni ry’ikori ringana n’amafaranga y’amarundi arenga imiliyaridi 74 hamwe n’amafaranga y’ibirarane muvyo gutumatumanako amakuru arenga imiliyoni 31 z’amafaranga y’amadorari y’abanyamerika.

Ikigo OBR kikaba cari cagabishije iryo shirahawe Leo Econet ko ryoba rya rishe ayo mafaranga kugera kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 kuno kwezi turimwo. Yamara naho ikiringo ikigo OBR cari cahaye iryo shirahamwe cari carangiye kuri uyu wa kabiri, ikigo OBR cabaye kirabangira gufata ingingo kuko ishirahamwe Econet Leo ngo rikiriko riravugana na Leta ibijanye nico kibazo.

4,684 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment