Scroll to Top

Tambwe Rémy atumirira abakunzi b’ibikorwa vyiwe gusidukana n’iyonka

By La Rédaction / Published on Wednesday, 07 Mar 2018 07:42 AM / /

Umukinyi rurangiranwa w’amareresi hamwe n’udukino dutwenza (comedies) azwi nka Mr Tambwe canke Mr Comedylogy ku mazina y’ubuhizi ngo ariko ategura ikintu gikomeye kijanye n’uguhuza abakunzi b’ibikorwa asanzwe akora hamwe n’abandi bakinyi b’amareresi n’udukino dutwenza.

Mu kiganiro gito twagiranye, Rémy Hakizimana azwi nka Mr Tambwe canke Mr Comedylogy yatumenyesheje ko ariko ategura guhuza abakunzi b’ibikorwa vyiwe ndetse n’abakunzi b’amareresi ndundi muri rusangi mu ntumbero y’ukuganira kucoshobora gukorwa kugira ngo amareresi ndundi ahurumbirwe n’abarundi ubwa mbere na mbere.

Kazoba kandi ngo ari akaryo keza k’ugusigura abazoba bitavye ako kamo ireresi nshasha ariko arategura gushira ahabona mu misi ya vuba yise Mr Masaki, ireresi ahanini ihagaze ku bikunze gushika mu bijanye n’urukundo mu rwaruka.

Uwo mubonano ukaba utegurwa kuzoba ku musi wa gatandatu uza, igenekerezo rya 10 Ntwarante uwu mwaka, ukazobera kuri Bora Bora guhera igihe c’isaha icenda z’umuhingamo (15h00) akaboneraho gutumira uwo wese ashimishwa n’ibikorwa Mr Tambwe akora ko atocererwa canke ngo asibe.

8,892 total views, 0 views today

Add Comment