Scroll to Top

Olmpique Star yanganije na Al Hilal Obeid yo muri Soudan (0-0)

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 07 Mar 2018 14:27 PM / /

Kuri uno wa gatatu; igenekerezo rya ndwi Ntwarante, Olympique Star yari iramutse yakira Al Hilal Obeid, mu rukino rw’igikombe ca Confederation ca Afrika.

Urukino rwarangiye imigwu yose inganije ubusa ku bundi , ku kibuga citiriwe Urukundo, kiri mu ntara ya Ngozi, abakunzi isinzi bavuye mu ntara zo mu buraruko bw’igihugu, bari bakubise ikibuga kiruzura.

Olympique Star ikaba igiye kuzoronderera intsinzi¬† mu gihugu ca Soudan nk’uko babikoze mu nkino za mbere, aho bakuyemwo Etoile Filante yo muri Burkina Faso, mu rukino rw’ugusubiriza rwabereye mu gisagara ca Ouagadougou.

Urukino rw’ugusuburiza rukaba rutegekanijwe mu kiringo c’indwi zibiri ziri imbere.

 

10,231 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment