Scroll to Top

Adele Amrouche arabeshuza amakuru amusubiza muri Harambe Stars.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 09 Mar 2018 07:55 AM / /

Uwahoze ari umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba ( 2007-2012) n’umugwi nserukiragihugu  wa Kenya, Harambe Stars ( 2012- 2014 ), Adele Amourche arabeshuza amakuru agize imnsi avugwa ko agiye gusubira kumenyereza umugwi nserukiraghugu wa Kenya. 

Amakuru ava kuri bagenzi bacu bo muri Kenya, Goal.com, aramenyesha ko Adele Amrouche yabeshuje amakuru yatanzwe n’indongozi za KFF, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Kenya.

” Ndazi ko KFF, ifise ubwoba bw’ugukorana nanje, barazi ko bampaye akazi bitoborohera kubandanya bafata ingingo zimwe zimwe mu kibanza c’umumenyereza. Nta butumwa nabumwe nigeze ndonk buva ku muntu n’umwe wo mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Kenya.”

Adele Amrouche akaba abadanya ashikiriza ko asanzwe yaritwariye Kenya muri FIFA , kuko hari tumwe mu turusho yategezwa kuba yarahawe mu gihe yamenyereza Kenya kuva mu mwaka wa 2013.

Uno mugabo ava muri Algeria akaba afise  ubwenegihugu bw’ububiligi, yatwaye igikombe ca CECAFA Senior Challenge mu mwaka wa 2013, inyuma y’imyaka 11, igihugu ca Kenya kitayitwara.

Tukabamenyesha ko Harambe Stars ya Kenya, inyuma y’ugutahukana CECAFA Senior Challenge Cup mu mwaka uheze  iri kumwe na Paul Put, gushika kuri uyu munsi ata mumenyereza ifise kuko yamaze gutanga imihoho, aja muri Guinnea Conakry.

12,343 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment