Scroll to Top

Kidumu : ’’Barundi, inyifato ya sindabibazwa tuyisezere”

By Julien Barinzigo / Published on Saturday, 10 Mar 2018 00:39 AM / /

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo ry’9 ntwarante, Freddy Mbonimpa, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, abaririmvyi Kidumu na Big Fariouz  bahamagarira abarundi kubungabunga amashurwe n’ibindi biti biteye mu bibanza bitandukanye.

Mu gihe umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, abaririmvyi rurangiranwa b’abarundi Jean Pierre Nimbona na Désiré Mugani bataziza Big Fariouz bari baramutse bifatanya n’urwaruka rukunda ibidukikije rwo muri ETS Kamenge begeranijwe na Jadot Nkurunziza mu gutera amashurwe kw’ibarabara ryitiriwe Uprona, abarundi barasabwe kutaba basindabibazwa.

Freddy Mbonimpa yavuze ko yifatanije n’abo baririmvyi b’abarundi rurangiranwa kugira bafashe kugira igisagara gise neza mu gutera amashurwe.

Umuririmvyi Jean Pierre Nimbona benshi bazi kw’izina rya Kidumu ati :’’Inyifato ya sindabibazwa abarundi tuyisezere. Abantu ni bige kubungabunga aya mashurwe. Babantu banwa utuyoga bagahonyora aya mashurwe babireke. Kurya bubaha ama feu rouge ni bubahe n’amashurwe. Imvura ntiyigera itwandikira ngo itumenyeshe ko iri mugucika canke igira igwe’’.

Kidumu ahejeje guhakana ko ico gikorwa atari ica poritike yasavye umukuru w’igisagara ca Bujumbura gukoresha vya biduga bivomera kugira ayo mashurwe ntaze yume. Abarundi nabo yabasavye ko batoja gushima ibisagara vyahandi bisukuye hanyuma ngo baze gutuka aho bavuka ahubwo nyabuna bosukura igisagara cabo kugira gise n’ivyo bindi bisagara bashimagiza.

Umuririmvyi Desiré Mugani bita Big Fariouz canke Fizzo yasavye ko abantu bokwibuka ko akayaga keza duhema kaza kuri ivyo bitegwa n’ayo mashurwe aca agirako asaba abarundi kubibungabunga.

Abo banyeshure basubiramwo amajambo ngo “twebwe abafundi tuzotera amashurwe kandi n’ibindi turabishoboye”.

6,286 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Lifestyle
Tagged as:

Add Comment