Scroll to Top

Umuyobozi wa CAF mu rugendo rw’akazi mu gihugu c’Urwanda.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 10 Mar 2018 13:19 PM / /

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika, Ahmad Ahmad agiye kugendera igihugu kibanyi c’Urwanda, aho azoba aje mu rugendo  rw’akazi.

Ahmad Ahmad , ategekenya  gukora umubonano n’abarongozi batandukanye mu rukino rw’umupira w’amaguru muri ico gihugu.

Iruhande rw’urwo rugendo, Ahmad Ahmad aritezwe kandi mu nama y’ishirahamwe rya Afrika ijanye n’ivyugutanganza amakuru ( African Forum for Broadcasting) , aho bitegekanijwe ko azoshikiriza ijambo muri iyo nama izotangura ku munsi  wa mbere muri Conference Center, imwe mu mazu yo ku rwego rwo hejuru mu kwakira amanama mpuzamakungu.

Ahmad Ahmad, muri urwo rugendo akaba azoba aherekejwe n’uwusanzwe ajejwe igisata c’ukumemyesha amakuru muri CAF, Mr Hedi Hamel.

Urwo rugendo rwo mu gihugu c’Urwanda, rukaba ruje kwiyongera ku rugendo yaheruka gukora muri Tanzania, tutibagiye ko mu kwezi kwa Ndamukiza, Ahmad Ahmad yitezwe hano mu Burundi, mu birori vy’ukugurura ihiganwa rya CECAFA ku batarenza imyaka 17.

10,800 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment