Scroll to Top

Kuri Emelance urubanza rumwe ruzomara zibiri

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 10 Mar 2018 13:15 PM / /

Ibikorwa bishasha vya Emelance Emy ngo biriko birategurwa. Ivyo vyemejwe na Emelance ubwiwe aho yaganira na Indundi Magazine.

Ivyo bikorwa avuga ko ariko arategura, uwo muririmvyikazi avuga ko ariko abitegurira muri Studio kwa Botchum.

Muri urwo rugendo arimwo aha Iwacu, akaba yaranaronse akaryo ko kugira ibiganiro Ku mboneshakure y’igihugu.

Sponsored

Mu kiyago gito yagiranye n’indundi, yamenyesheje ko afise umugambi wo gukora ibiganiro n’abandi bamenyeshamakuru aha Iwacu.

Mwokwibuka ko uwo muririmvyikazi aheruka guserukira Uburundi mu gihugu ca Mali aho yari mw’isabukuru ryari ryateguwe n’ico gihugu nyene.

12,203 total views, 0 views today

Add Comment