Scroll to Top

Iry Tina ahanurwa kugumana na Big Fizzo

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 10 Mar 2018 14:23 PM / /

Bamwe mu bakurikiranira hafi umuziki babona ko Iry Tina ngo ashobora kuba ari icamwa ca Big Fizzo co muri uyu mwaka wa 2017.

Inyuma y’ugusohoka kw’ama foto ya Big Fizzo arikumwe na Iry Tina, aho yafashwe bariko bakora amasanamu y’indirimbo, uwo muririmvyikazi yatanguye gushirwa mu ruvyaro rwa Big Fizzo.

Ku rubuga rwa Facebook rwa Iry Tina, abamukurikira bamusavye kugumana na Big Fizzo. Kuri iryo nararibonye ngo niho azokura vyose bimugira umuntu.

Sponsored

Abandi bo bakaba babona ko Iry Tina ngo ari kimwe mu vyamwa Big fizzo yamye muri uno mwaka wa 2018, nkuko yamye.

Mwomenya ko iyo ndirimbo bariko bakorera amasanamu ari Mida Ya Love yasohotse mu kwezi kw’7 mu mwaka twaraye turangije. Ayo masanamu nayo akaba yasohotse kuri uyu wa 8 ntwarante.

16,556 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment