Scroll to Top

Slalom Buja: Bijeje Onesime yatahukanye igikombe ku ncuro ya mbere mu mahiganwa y’ugusiganwa n’imodoka.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 11 Mar 2018 13:54 PM / /

Bujeje Onezime, ku ncuro yiwe ya mbere. agiye mu mahiganwa y’ugusiganwa n’imiduga, ahejeje gutahukana igikombe mw’ihiganwa ryari ryategekanijwe n’ishirahamwe rya Club Automobile du Burundi.

Ibirori vyatanguye igihe c’isaha zitanu z’umurango, kw’ibarabara ryitiriwe ukwikukira, riri hagati mu gisagara ca Bujumbura imbere y’ibanki FINBANK, werekereza ahasanzwe hari inzu y’ubuguriro bw’ibitabu Saint Paul.

Abadereva bagera kuri 14 nibo bari bitavye ihiganwa, mbere bakaba barangije bose ihiganwa atanumwe agize ikibazo c’ingendeshwa yiwe.

Urukino rukaba rwari rutegekanijwe mu duce tune, aho mu duce tubiri twa mbere, abarorerezi bagiye barahabwa ivyavuye mw’ihiganwa. Igihe c’isaha umunani z’umurango, niho Adon Negamiye yari aahagarariye iryo higanwa yatangaza ko uduce tubiri twanyuma, tuza kubandanya atakaruhuko, ivyatuvuyemwo bikaza kumenyekana ihiganwa riheze.

Uko abadereva barushanijwe bose hamwe uko ari icumi na bane:

  1.  Bijeje Onesime : 7’24”
  2. Giancarlo  : 9’18”
  3. Din Imtiaz : 10’05”
  4. Christophe Nizette 10’12”
  5. Remezo Christian 11’15”
  6. Din Itiaz 14’02”
  7. Nkwaya Tedy 14’45”
  8. Bigirimana Ngabire  15’45”
  9. Santana Pierrot  16’56”
  10. Shakir Sonji  17’48”
  11. Nadir Zafar  23’44”
  12. Uwamahoro Desire  24′ 01′

Imiduga yo mu bwoko bwa Buggies

Nkurikiye Jean Luc  : 6’23”

Willy Nibitanga : 11′ o”

Ibirori bikaba vyarangiye mu kanyamuneza ntangere  ku badereva bose aho bifozanije hamwe n’bagiye barafata mu mugongo iryo higanwa kugra ribe, abo nabo hakaba hari, ishirahamwe rya BRARUDI- SOCAR- YANA TYRES- SAVONOR- FINBANK- ROBIALAC- KK SECURITY.

Mu kurangiza ibirori, hakaba hamenyeshejwe ko ihiganwa rikurikira rigiye kubera mu ntara ya Ngozi ku magenekerezo ya 27 na 28 Ndamukiza, aho hatumiwe n’abadereva bavuye mu bihugu bibanyi.

 

5,902 total views, 0 views today

Add Comment