Scroll to Top

ZAF yahagaritse umwe mu bahagarikizi bahagarikiye LLBS4A – Rayon Sports.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 11 Mar 2018 14:10 PM / /

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu mazinga ya Zanzibar, ZFA ryafashe ingingo y’uguhagarika umuhagarikizi mpuzamakungu azwi kw’izina rya Mfaume Alli NASORO, ari mu bahagarikizi bane bahagarikiye urukino rw’ugusubiriza  hagati ya LLBS4A na Rayon Sports.

Umwe  mu bavugizi ba ZFA , yabwiye ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania, ko bafashe iyo ngingo kugira borohereze amatohoza ariKo arakorwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF, ku giturire kivugwa ko coba caratanzwe imbere y’uko urwo rukino rubera hano mu gisagara ca Bujumbura.

Mufaume Alli Nasoro, akaba yahagarikiye urwo rukino arikumwe n’abandi bahagarikizi batatu bava muri Tanzania, aribo : Frank John Komba,  Soud Idd Lila na Israel Omusingi Njunwa Mujuni .

Urukino rukaba rwarangiye ku ntsinzi ya Rayon Sports ku gitisndo kimwe ku busa (1-0), gushika ubu hakaba hakirindiriwe ikizova mu matohoza yatangujwe na CAF.

7,258 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment