Scroll to Top

Muri 2020 Akon ashobora kurwanira kwicara muri White House

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 11 Mar 2018 22:48 PM / /

Mu kiyago umuririmvyi akaba n’umurwizatunga Akon aheruka gukorana n’ikinyamakuru TMZ yavuze ko nka hamwe aramutse ashatse guhiganirwa kuba umukuru w’igihugu ngo atotumbera Senegal aho yamuka.

Ikibanza President Donald Trump arimwo muri kino gihe, muri White House, ngo nico yorwanira kwicaramwo. Aho akabivuga yisunze ko ngo arico kibanza comutuma yoroherwa kurondera uko yotorera umuti ibibazo biri muri Afrika iwabo.

Aho ibinyamakuru bitandukanye, cane cane ivyo muri Afrika y’uburengero bushira uburaruko(Nord – Ouest) bikaba bibandanya bivuga ko uwo muririmvyi ngo agiye kwitoza ngo atware ikibanza ca Donald Trump.

Sponsored

Ivyo binyamakuru nyene bikabandanya bivuga ko uwo muririmvyi ngo yasavye Marc Zukerberg kumufasha kugira mu mwaka wa 2020 afate ikibanza ca Donald Trump.

Biramutse bibaye uwo muririmvyi akaba azoba abaye uwa kabiri inyuma ya Barrack Obama atwaye Leta zunze Ubumwe za amerika. Akaba kandi azoba abaye icamamare ca 2 gitwaye igihugu inyuma ya George Weah aheruka gutsindira kuba umukuru w’igihugu ca Liberia

9,302 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment