Scroll to Top

Pierrot Kwizera yaraye afashije Rayon Sports gutsinda Marine

By La Rédaction / Published on Monday, 12 Mar 2018 01:46 AM / /

Hari kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 11 Ntwarante ku kibuga c’i Kigali, Nyamirambo Stadium niho umugwi Rayon Sports wari waramutse wakira Marine Fc kundwi ya 14 ya Primus League, urwo rukino rukaba rwarangiye Rayon Sports itsinze Umugwi Marine Fc ibitsindo 2-0.

Pierrot Kwizera yaraye afashije Rayon Sports gutsinda Marine Fc aho yatsinze igitsindo ca mbere ku munota wa 64 inyuma y’akazi kari kakozwe n’umukinyi w’umurundi mugenziwe Bimenyimana Bon Fils Caleb kuko yacenze umwe mu bakinyi ba Marine aha umupira umunya Cameroon Chris Mbondi nawe aca ahereza Kwizera Pierrot aca atsinda igitsindo ca mbere.

Igitsindo ca kabiri kikaba naco catsinzwe n’umukinyi Muhire Kevin ku munota wa 70 w’urukino bica birangira Rayon Sports itsinze ibitsindo 2 ku busa bwa Marine FC.

Mwomenya ko urwo rukino rwari rwatewe iteka na Ahmad Ahmad asanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF.

3,805 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment