Scroll to Top

Nzeyimana Jean yamaze gusinya amasezerano na Napsa Star United

By La Rédaction / Published on Monday, 12 Mar 2018 05:50 AM / /

Umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba Nzeyimana Jean batazira Johane yamaze gutera umukono ku masezerano y’ugukinira umugwi wa Napsa United.

Uyo mukinyi w’Intamba mu rugamba akaba yari asanzwe akina mu mugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Mozambique mu mugwi witwa Chibuto Fc muri kino gihe akaba amaze gusinya amasezerano y’amezi atandatu yo gukinira umugwi Napsa United wo mu gihugu ca Zambia.

Nzeyimana Jean aganira na Indundi Sports yamenyesheje y’uko anezerewe cane no guhindura umugwi agashimira umugwi Chibuto Fc yari asanzwe akinamwo kwemera kumurekura akagenda mu gihugu ca Zambia .

Nzeyimana Jean mu nkino zibiri z’ikivandimwc amaze gukinira umugwi Napsa United akaba amaze gutsinda ibitsindo bitatu wenyene.

Mwomenya ko iryo higanwa ryo mu gihugu ca Zambia rizotangura muri uku kwezi kwa Ntwarante guhera kw’igenekerezo rya 17 uyu mwaka wa 2018.

5,031 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment