Scroll to Top

Rallye: Intara ya Ngozi igiye kwakira ihiganwa ry’imiduga muri Ndamukiza.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 12 Mar 2018 13:39 PM / /

Intara ya Ngozi, igiye kwakira ihiganwa ry’ugusiganwa n’imiduga mu kwezi kwa Ndamukiza, muri uyu mwaka, mu mahiganwa asanzwe atunganywa buri mwaka mw’ishirahamwe¬† rya Club Automobile yo mu Burundi.

Bikaba vyashizwe ahabona ku munsi w’ejo na Don Adoni Negamiye, umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe, inyuma y’ibirori y’ihiganwa rya Slalom igira gatanu, vyari bihejeje kubera kw’ibarabara ryitriwe Ukwikukira ” Boulevard de l’Independance”.

” Mu ntumbero y’amahiganwa dutegekanya muri uno mwaka, twagira tubamenyeshe ko mu kwezi kuza kwa Ndamukiza, ku magenekerezo ya 27 na 28, tuzoba turi mu ntara ya Ngozi, aho tubaye turatera akamo abakunzi bacu kuza kudushigikira.”

Intara ya Ngozi ikaba atari irya mbere, yakiriye amahiganwa nkayo kuko muri kahise ka hafi, ahitwa mu vyegwa vya Ngozi.

Mwumvirize hano Don Adoni Negamiye, aho yariko atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru, inyuma y’ihiganwa rya Slalom ryabaye kuri uyu w’Imana, twaraye turangije.

6,566 total views, 0 views today

Add Comment