Scroll to Top

Inyuma ya “Mr Masaki”, Tambwe Remy aheruka gushira ahabona iyindi reresi yise “Yatima”

By La Rédaction / Published on Tuesday, 13 Mar 2018 04:09 AM / /

Inyuma y’uguhereza aba funs biwe ireresi yari amaze imisi ategura yise “Mr Masaki”, umukinyi w’amareresi hamwe n’udukino dutwenza yamaze gushira ahabona akandi kareresi kamara umwanya muto “short film” yise “Yatima”.

Mu ncamake, iyo reresi “Yatima” yerekeye abana baba babuze abavyeyi babo hama bakaja mu barabara abantu bakaguma babaca impande mugabo ntihagire ico babafasha cotuma babavana muri ayo mabarabara bakaguma gusa babita abana bo mw’ibarabara kandi ibarabara ritavyara canke ngo rigire umwana.

Ariko araganira n’ikinyamakuru “Indundi magazine”, Hakizimana Remy azwi cane ku mazina ya Tambwe canke Mr Comedylogy ngo ikimuraza ishinga n’uko yobona ejo haza abarundi basigaye bahurumbira cane amareresi yakinywe n’abarundi kanatsinda aho bageze ubu ngo basigaye bakina ibintu bizima ko mu gihe bofatwa mu mugongo biboneka bosanga banasumbije gukina abanyamahanga.

Ukwo gufatwa mu mugongo Mr Tambwe avuga ngo harimwo nk’uko Reta y’Uburundi yofata ingingo z’ukwankira amareresi y’abanyamahanga gusubira kwerekanwa aha i wacu maze bakaza bararaba ayakinywe n’abarundi, kubaronsa ibibanza vy’ugukiniramwo batabavunye, abamenyeshamakuru kwama bagiriranira ibiganiro n’aba stars b’amareresi gutyo bakaza barabafasha kumenyekana aho batarashobora kumenyekana gose, amashirahamwe akorera aha iwacu akaza arabatumako bayagirira imenyekanishwa ry’ibikorwa bakora “publicity” n’ibindi.

1,765 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment