Scroll to Top

Double Jay arashimira Big Fizzo kuba yaramwizeye

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 13 Mar 2018 05:22 AM / /

Ikoh yamureze muri 2017, na The Bantubwoy agiye kubamwo igihe bose Double Jay ngo abafise Ku mutima.

Igikorwa gishasha ngo coba kigiye gushirwako ahabona na Bantubwoy Ent. Ico kikazoba ari ica Double Jay umwe mu baririmvyi babarizwa muri kino gihe muri iyo Label. Ivyo tubikesha inyandiko uwo musore nyene yashize Ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Double Jay mu kumenyesha ko hari gishasha afise, yanaboneyeho akaryo ko gushimira abamushigikiye muri uno mwaka wa 2017.

Muribo yavuzemwo ahanini Ikoh yamureze uwo mwaka wose, ntiyibagiye abamenyeshamakuru ngo iyataba bo ntaho yari kwishitsa.

Double yanashimiye aba fans,abavyeyi n’umuryango bamufashe mu mugongo.

Sponsored

Big Fizzo kuba yaramwizeye akamushira mu muryango The Bantu Bwoy Ent. navyo ngo n’ivyagaciro kuriwe. Nabo akaba yabashimiye cane.

Double Jay umwana akomoka mu ntara ta Gitega, yigeze kuba ari mu murwi n’umuririmvyi Chris Biz, akaba yaheruka kwumvikana mu karirimbo yakoranye na Franck Duniano na Mcmello Mclove.

4,109 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment