Scroll to Top

Star Time| Imboneshakure 300 ngo nizo zigiye gutangwa mu gihugu cose

By La Rédaction / Published on Tuesday, 13 Mar 2018 07:12 AM / /

Mu mugambi w’ukuronsa abanya Afrika imboneshakure zikoresha ubuhinga bwanone, (projet d’accès à la Télévision satellite) uriko urarangurwa mu turere tugera ku bihumbi icumi two muri Afrika, ishirahamwe Star Time rimenyesha ko vuba vuba imboneshakure zingana n’amajana atatu arizo zigiye gutangwa mu gihugu cose na canecane mu mitumba itarashikamwo ubwo buhinga.

Ivyo ni ibiheruka gushikirizwa mu birori vy’ishirwa ahabona ry’uwo mugambi aho vyari vyatewe iteka n’umuserukizi w’Ubushinwa aha mu Burundi hamwe n’umushikiranganji w’itumatumanako amakuru, Nestor Bankumukunzi.

Mw’ijambo ryiwe, uwuserukira ubushinwa aha mu Burundi yamenyesheje ko uwo mugambi washizweho mu ntumbero y’uko abanyagihugu bo mu mitumba nabo nyene bashobora kuronka ku vyiza bikomoka mw’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none mu ntumbero y’ugutsimbataza ubucuti bw’ugufashanya hagati ya Afrika n’igihugu c’Ubushinwa bwatanguriye mu nama yabereye muri Afrika y’epfo muri Kigarama umwaka w’2015 mu ntumbero y’ukurabira hamwe ingene hoba ugufashanya hagati y’izo mpande zibiri.

Umushikiranganji Bankumukunzi yari yitavye ivyo birori akaba yamenyesheje ko uwo mugambi uje hageze kuko ugiye gufasha abanyagihugu bari mu duce dutandukanye turi kure y’imirwa mikuru baronka amakuru bitagoranye. Nayo izo mboneshakure ngo zikazoshirwa ku mitumba ingana n’amajana atatu bisigura ko ikomine imwimwe izoshobora kuronswa imboneshakure nka zitatu, zikazoshirwa canecane mu bibanza bibamwo abantu benshi.

2,024 total views, 0 views today

Add Comment