Scroll to Top

Ngama na Lambalamba baraye bafashije As Kigali gutsinda Musanze Fc

By La Rédaction / Published on Tuesday, 13 Mar 2018 09:05 AM / /

Hari kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 13 Ntwarante umwaka wa 2018 ku kibuga c’i Kigali kiri Inyamirambo aho umugwi w’abanyagisagara AS Kigali wari waramutse wakira umugwi Musanze Fc mu rukino rw’indwi ya 15 isozera igice ca mbere c’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Rwanda Azam Premier League urwo rukino rukaba rwarangiye As Kigali itsinze Musanze Fc ibitsindo 4-3.

Ngama Emanuel hamwe na Jean claude Lambalamba baraye bafashije As Kigali gutsinda Musanze Fc aho Ngama Emanuel yatsinze igitsindi ciza ku munota wa 36 mu gihe Ndarusanze Jean Claude batazira Lambalamba nawe yatsinze igitsindo ku munota wa 53.

Ndarusanze Jean Claude akaba yaraye atsinze igitsindo ciwe kigira 7 mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda Azam Premier League, ivyatumye aca ashobora kubandanya afata ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ryo muri ico gihugu kibanyi c’Urwanda.

6,636 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment