Scroll to Top

#Urwevu| Ugendana ubutare mu mutwe.

By Indundi Staff / Published on Tuesday, 13 Mar 2018 07:49 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga bamenyesha ko mu mutwe wa buri muntu harimwo amatungo y’umusesekara. Umutwe wawe ni nk’agasozi kuzuye inzahabu ku buryo mu kiringo womenya kubucukura woba wogoroye! Abahinga bamenyesha ko ivyo wifuza vyose biriyo: amafaranga, uwo mwokwubakana mugahuza , amahirwe eka vyose…

Abantu benshi rero aha kw’isi ngo barangiza ubuzima bwabo bagowe kuko batigeze bamenya inkomezi zidasanzwe ziri mu mitwe yabo,abatigeze baca urwo rwevu.

Abahinga bamenyesha ko abantu duciyemwo imirwi ibiri. Hari ngo abafise ubwira kurya kw’umuyagankuba mu maraso , akaba aribo kenshi rero ngo baba kenshi bazi iryo banga. Ngo baba bazi ko bavutse kugira batsinde. Ngo baba bumva atakindi gishoboka na kimwe atar’uko bategerezwa gutera intambwe bifuza kugira bashike ku masonga. Abo rero ngo batambuka atabwoba bafise, baba bazi ko igitarikwa kihari ari umwanya n’ibikorwa gusa. Ngo bameze nk’umusozi ufise ibirunga ( Volcan)

Abandi nabo , bobo ngo bameze kurya k’ubugari buhoze. Bari muri bamwe benshi batazi icabazanye aha kwisi. Bamwe baririra gusba ivy’ukurya bibakwiye uwo musi gusa. Ntibazi iyo bava n’iyo baja. Ni banjanye n’abaja. Umuyaga iyo uhuhuriye niyo bajana. Ivyo bakora vyose bagumana amakenga, bibaza ngo izira bafashe siyo. N’inyoni iririmvye irabahinduza inzira. Babona ko ivyabo atavyo bazi biz’Imana gusa. Ni ba ” BIZIMANA”!

Kenshi rero ngo ntibigera biyemera, bagumana ubwoba, bagashaka ko ivyo bakora bibanza kwemezwa n’abandi kuko bobo bataba bafise muribo ukwizera mu nkomezi zabo.

Kira noneho weho uraciye urwevu! Rondera aho mu mutwe, vyose wifuza biriyo. Ufate akanya gakwiye, imyaka n’imyaka uhanze gushika ku kintu kimwe kandi ugumanye ukwizera kutagira agahigimango, inyuma y’imyaka itanu uzobona ibitangaza.

Urwevu ruzoza ruraguha ivyiyumviro vy’abaciye n’ubuhinga rw’abaciye urwevu bakoreshesje inguvu ziri mu bwonko bwabo maze uheze ugende urabishira mu ngiro wongere unacukure wongereze ubu menye mu bitabo bandika. Ivyo abandi bashitseko nawe wobishikako. Ihe igihe hama wemere kuriha igiciro bisaba. “NTAYIMBA  IBURA  IVU”!

4,197 total views, 0 views today

Add Comment