Scroll to Top

Zesco United: Ntibahezwa mu bakinyi berekereje Ivory Coast.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 13 Mar 2018 11:08 AM / /

Umugwi wa Zesco United, wafashe indege kuri uno mugoroba  werekereje igisagara ca Abidjan, muri Cote d’Ivoire, aho ugiye gukina urukino rwo gusubiriza mu gikombe ca African Champions League cup, bazohura na ASEC MIMOSA.

Umunyegoli w’umurundi, Dieudonne Ntibahezwa, akaba ari mu bakinyi icumi n’umunani, bafashe indege bava mu gisagara ca Ndola, aho bagiye kurara mu gisagara ca Nairobi, hama bakabandanya bukeye ejo mu gatondo.

Abakinyi bafashe indege:

Abanyegoli: Jacob Banda, Dieudonne NtibahezwaAbakinyi b’inyuma : Bornwell Silengo, Solomon Sakala, Simon Silwimba, David Owino, Marcel Kalonda, Fackson Kapumbu

Abakinyi bo hagati :John Chingandu, Kondwani Mtonga, Mwape Mwelwa, Misheck Chaila, Anthony Akumu

Abasatirizi: Jesse Were, Winston Kalengo, Lazarus Kambole, Adams Zikiru

Bikaboneka umukinyi mugenzi we Enock Nsabumukama, atashoboye gufata ndege ari kumwe na bagenziwe.

Zesco United, ikaba isabwa gutsinda uru rukino kugira yizigire kubandanya mw’ihiganwa ry’igikombe c’imigwi yatahukanye ibikombe i wabo kuko mu rukino rwabereye i Nola muri Zambia, rwarangiye ASEC MIMOSA itsinze igitsindo kimwe ku kindi ( 0-1) .

6,208 total views, 0 views today

Add Comment