Scroll to Top

Urwanda rwahagaritse ivyifuzo vy’ugutunganya igikombe c’isi ku batarenza imyaka 17 mu mwaka wa 2019.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 13 Mar 2018 12:29 PM / /

Inyuma y’aho igihugu kibanyi c’Urwanda, kigaragarije icifuzo gikomeye  c’ugutunganya igikombe c’isi ku batarenza imyaka icumi n’indwi ( FIFAU17), ico gihugu camaze kumenyesha ko kivavanuye n’ico cifuzo.

Nk’uko bibonekera mu nkuru y’ikinyamakuru c’inkino co muri kano karere Futaa.com, biciye mw’ibaruwa, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri ico gihugu ryandikiye FIFA, riratanga insiguro yatumye bava kuri ico ciyumviro.

” Twihweje umwanya usigaye kugira ngo iryo higanwa ribe, nta mwanya ukwiye dusigaranye kugira ngo tube twateguye ibisabwa vyose kugira dushobore kwakira igikombe c’isi mu buryo bwiza twifuza nk’igihugu c’Urwanda. ”  Ivyo bikaba biri mw’ikete ryanditswe na FERWAFA.

FERWAFA rikaba ryarangije rimenyesha ko rishimira abo bose bari bamaze kugira ico baterera kugira uyo mugambi uje mu ngiro, harimwo Leta y’Urwanda n’ayandi mashirahamwe.

Tukabibutsa ko mu kwezi kwa Ruhuhuma twaraye turangije, hari hitezwe abagenduzi ba FIFA, bajejwe kuraba niba ico gihugu cari gishiboye kwakira iryo higanwa ariko bakaba batashoboye gushika muri ico gihugu.

Isoko: Futaa.com

6,703 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment