Scroll to Top

Nzokira Jeff na Mategeko Tine baraye bungutse ikibondo

By Janvier Nzokurigomba / Published on Wednesday, 14 Mar 2018 02:40 AM / /

Umukinyi w’umunyegori w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba azwi kw’izina rya Nzokira Jeff  hamwe n’umufasha wiwe Mategeko Tine baraye bungutse ikibondo c’umukobwa.

Uyo mwana w’umukobwa akaba yabonye izuba kuri uyu wa Mungu uheze igenekerezo rya 11 Ntwarante umwaka wa 2018 maze abavyeyi biwe baraheza bamuha izina rya Nshimirimana Sumaiya.

Nzokira Jeef akaba gushika ubu asanzwe akinira umugwi wa Djibouti Telecom wo mu gihugu ca Djibouti. Aganira na Indundi Sports, Nzokira Jeff yamenyesheje y’uko aryohewe cane kubona Imana yamugabiye ikibondo kigira gatatu kuri we naho uwari kuba umwana agira gatatu yigeze kwitaba Imana ariko Imana yamushumbushije maze araronka uwumusubirira.

12,143 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports
Tagged as:

Add Comment