Scroll to Top

Uku niko inkino za Primus League zaraye zigenze

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 14 Mar 2018 03:12 AM / /

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 13 Ntwarante umwaka wa 2018 ihiganwa rya Primus League  ryarabandanije ku ndwi yaryo igira 22 ku migwi imwe imwe kuko hari iyindi migwi ifise inkino zibirarane nka LLBS4A, Vital’o hamwe na Flambeau de l’Est na Messager Buja.

Iyindi migwi nka Musongati ifise inkino zibiri zibirarane hama Olympic Star nawo ukaba ufise inkino zine zibirarane bivanye n’uko umaze imisi uri mu mahiganwa mpuzamakungu ya CAF Confederation Cup.

Imigwi yagiye muri iryo higanwa ikaba yatsindanye uku gukurikira :

– Athletico Olympic 0-0 Aigle Noire

– Ngozi City 0-1 LLBS4A

– Messager Buja 1-0 Inter Star

– Flambeau du centre 1-0 Flambeau de l’Est

– Les Lierres Fc 0-0 Vital’o Fc

– Messager Ngozi 2-1 Buja city

– Les Jeunes Athletics 1-1 Delta Star.

12,279 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment