Scroll to Top

Ba Musitanteri na ba Buramatari bahamagarirwa kuhabera magabo

By La Rédaction / Published on Thursday, 15 Mar 2018 04:34 AM / /

Inyuma y’aho hibonekeje ko hari abantu bihaye ingendo itabereye y’ugutoza abenegihugu amafaranga y’intererano yo mu matora yo mu mwaka w’2020, icariho c’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko ikiringo c’ugutoza ayo mafaranga kitaragera.

Kuri uyu wa kabiri uheze, igenekerezo rya 1 Ntwarante umwaka wa 2018, icariho c’umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’inyigisho zo gukundisha igihugu, Thérence Ntahiraja yamenyesheje abenegihugu ko ikiringo c’ugutangura kubatoza intererano yo mu matora yo mu mwaka wa 2018 kitaragera.

Ivyo akaba yabishikirije mu gihe ngo hari hamaze imisi hibonekeza abantu bihaye ingendo igayitse y’ukuza baraja mu mihana y’abenegihugu babasaba gutanga iyo ntererano.

Thérence Ntahiraja amenyesha ko ama reçus azoba asa kuri bose akiriko aratunganywa n’abahinga bo muri ubwo bushikiranganji maze niyahezwa gukorwa neza ngo bazoheza bamenyeshe abenegihugu ko hageze gutangura gutoza ayo mafaranga.

Yaboneyeho guhamagarira ba Musitanteri b’amakomine hamwe na ba Buramatari b’intara ko bohabera magabo kugira ngo ako kajagari gahagarikwe mu maguru masha.

1,293 total views, 0 views today

Add Comment