Scroll to Top

Diamond Platnumz ubu yakoze akumiza muri Video ya African Beauty

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 17 Mar 2018 02:01 AM / /

Muri Afrcan Beauty yakoranye na Omario, Diamond Platnumz yakoze akumiza mu gushiramwo umukobwa yambaye ubusa.

Mu gihe yaheruka guhagarikirwa indirimbo mu gihugu ca Tanzania aho asanzwe avuka, Diamond ubu ho yakoze akumiza mu ndirimbo yiwe nshasha yise African Beauty yakoranye na Omario umunyamerika.

Iyo ndirimbo yaririndiriwe na benshi ikaba yashizwe ku rubuga rwa Youtube ku musi wa kane igenekerezo rya 15/3. Ubu ikaba iharurwa mu ncuro zirenga ibihumbi 450 imaze kuyiraba kuri uwo muhora.

Ariko naho wumva ko ari abatari bake, iyo ndirimbo ngo ntirekuriwe kurabwa n’abaribo bose, urubuga rwa Youtube rukaba rusaba abantu ku banza kwugurura imbuga zabo za Gmail ngo haboneke imyaka uwo muntu afise. Abarenza imyaka 18 akaba aribo bashobora kuraba iyo ndirimbo.

Sponsored

Muri iyo ndirimbo, hakaba habonekamwo umwigeme yiyambariye ubusa, ariko ibihimba vyiwe bikingiwe n’utuntu kugira ntabe ubusa buriburi.

Mwokwibuka ko indirimbo ziwe zibiri zirimwo Halleluya yakoranye na Morgan Heritage na Waka waka yakoranye na Rick Ross ziheruka guhagarikwa muri Tanzania.

2,121 total views, 0 views today

Add Comment