Scroll to Top

#Urwevu| Naburimye bambona, nzoburya bansaba!

By Editor / Published on Monday, 19 Mar 2018 07:17 AM / /

 

 

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Nkuko twama tubivuga kandi tuzokwama tubishikiriza, intango ya mbere y’ugukira ihera mu mutwe. “Iyiza kurisha ihera ku nama” kandi ” ubuza gusha buratagata”! mu gihe utoba urategekanya ngo ubone uko uzoba uhagaze mu myaka itanu canke cumi iri mbere, abahinga bamenyesha ko umuntu ameze atyo aba arusha impumyi guhuma kuko impumyi yoyo ikubarira iti nfata ukuboko unjanye hano canke hariya kuko iba ihazi.  Iba iza ariko kubera uruhumyi rw’umubiri rukamubera inzitizi.

Ufise indoto iyahe? Uzoba ufise amafaranga angahe kuri mu gasandugu k’ububiko bwawe mu myaka itanu nk’uwu musi?  Uzoba ufise ibiro bingana gute? uzoba wambara gute? uzoba uhagaze gute? Ayo masanamu urayafise? Ukaba utayafise nyaragasa uyarondere mu mutwe.

Ukamara kuyabona , ukagira iyo ndoto, ukibona ata gipfungu , kurya kw’amasama afashwe n’ubuhinga bwa none, uzoheza woroherwe kuyashikako. Abahinga bamenyesha ko uko ubone iyo ugiye atagasembwa ariko vyoroha gushikayo.

Aba bandi baciye urwevu imbere yacu nta bundi buhinga bakoresheje atar’ugutumbereza ubwonko bwabo ku ndoto, maze bakiha indero ikwiye y’ukugumizako , imyaka n’imyaka gutyo bagahava bashika ku bintu birengeye ubwenge.

Nawe urabishoboye kuko abahinga bamenyesha ko iyo ugize neza na neza bimwe nk’ivyo abandi bagoroye bagize, nta nkeka nawe  yokubuza gushika kuri vyo.( la loi de cause à effet).

uwaciye urwevu, akaba ariko akurikiza bino vyiyumviro eka mbere akanagira ubushakashatsi burenzeko kugira atahure, uzomubona mu myaka iza ari hejuru yawe, wewe ubifata nk’ibinanka. Azoririmba ati ” Naburimye bambona, nzoburya bansaba”!

Ca urwevu!!

15,645 total views, 0 views today

Add Comment