Scroll to Top

Bahamagarira abandi barimyi kwijukira imbuto zirobanuye

By Julien Barinzigo / Published on Tuesday, 20 Mar 2018 07:36 AM / /

Umurimyi mworozi Charles Mbonankira mw’ihayanishwagurisha ry’imbuto zirobanuye, Kayanza igenekerezo rya 20 Ntwarante

Abagwizambuto Siboniyo Philippe,Mbonankira Charles na  Simenya Diomède bahamagarira abandi barimyi kwijukira imbuto zirobanuye kuko zironsa umwimbu ushemeye nyene kurima.

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Ntwarante umugwizambuto Sibomana wo mw’ishirahamwe ry’abagwiza mbuto mu Burudi (COPROCEBU) afatanije n’abandi  barimyi bamaze ku gera ku ntambwe nka Charles Mbonankira na Siboniyo Diomede  bafashwe mu mugongo n’ishiramwe mpuzamakungu International Fertilizer Development Center ( IFDC) batunganije ihanishwa ry’imbuto zirobanuyu z’igiterza c’ikiraya bita ”Ndinamagara” kw’isoko ya Komine Kayanza.

Umurimyi mworozi Mbonankira Charles yahamagariye abarimyi ko bo vavanura n’akameneyero ko gutera imbuto zitarobanuye na cane cane mu ntara ya Kayanza isanzwe iri mu zambere zirima igiterwa c’ikiraya.

Iryo hayanishwagurisha ryabereye ku biro vya Komine Kayanza vyitabwe n’abantu atari bake nkuko bivugwa n’umuhinga Nduwimama  mu vyo uburimyi Nduwimana Jérémie wo mw’ishirahamwe COPROCEBU.

Nduwimana Jérémie yemeza ko abo  bagwizambuto ari abarimyi bitaho cane uburimyi bakaba basanzwe bakurikiranwa n’ikigo ca Reta kijejwe kugenzura ko imbuto zirobanuye.

Nduwimama avuga ko intumbero y’iryo haynishwagurisha yari uguhamagarira abarimyi kuvavanuro n’imbuto baja kugura ku masoko kandi zitarobanuye.Avuga yuko izo mbuto zitarobanuye ata kamarao ziheza ngo zigirire nyene kurima kuko ngo kw’ihegitari uwakoresheje imbuto zi robanuye nka ”ndinamagara”ashobora kwimbura itoni 20 mu gihe uwakoresheje imbuto zitarobanuye adashitsa n’itoni cumi.

Uyo muhinga mu vyo uburimwi ahamagarira abarimyi bo mu Kayanza gushikira abo bagwiza mbuto batatu babaronse imbutu zirobanuye ku giciro ciwa cane naco nkuko Mbonankira abivuga akaba ari amafaranga 1000 ku kiro c’imbuto z’ibiraya.

10,778 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment