Scroll to Top

Abakunzi ba Simba Sports Club bagaruye icizere kuri Laudit Mavugo.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 21 Mar 2018 12:06 PM / /

Umusatirizi w’Intamba mu rugamba na Simba Sports Club yo mu gisagara ca Dar es Salam,  Laudit Mavugo   ngo yobayagarukanye icizere ku bakunzi ba Simba, inyuma y’ukwitwara neza mu rukino baheruka gukinira muri Misiri,  mu gikombe ca Confederasiyo ya Afrika.

Nk’uko vyandikwa na bimwe mu binyamakuru  vyo mu gisagara ca Tanzania, Laudit Mavugo yerekanye urukino rwo ku rwego rukomeye ku munsi w’Imana, mu gisagara ca Cairo, igihe Simba Sports Club yahura na Al Masri, urukino rukarangira ubusa ku bundi (0-0).

Laudit Mavugo yinjiye mu rukino mu gice ca kabiri, asubiriye Youssouf Mlipili, ahindura ibintu mu bakinyi b’imbere ku ruhande rwa Simba Sport’s Club. Ivyatumye bamwe mu bakunzi b’uno mugwi bagarukana icizere kuri we.

Bamwe bakaba batanguye gusaa ko yosubira guhabwa umwanya ukwiye  nk’uko vyari mu mwaka wa mbere agishitse muri Simba Sport’s Club.

Mavugo Laudit akaba atagize ihiganwa ryiza muri uyu mwaka kuko yashizwe ku ntebe y’abagombora umwanya munini, ivyanatumye havugwa amajambo menshi ko agiye kuva muri uyo mugwi.

6,095 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment