Scroll to Top

FFB : Ihiganwa ry’abigeme rigiye gutangura muri ino ndwi.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 21 Mar 2018 12:43 PM / /

Inyuma y’ukurangiza ihiganwa ry’ukugurura ihiganwa rikuru ry’ abigeme hano mu Burundi rigiye gutangura mu mpera z’ino ndwi turimwo.

Kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante, niho hategakanijwe inkino za mbere z’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu bigeme. Aho imigwi igera kuri 16, yashizwe mu matsinda abiri  A na B.

Imigwi igize itsinda rya mbere : Rain Bow ( Gitega) – Lionnes Star ( Ngozi)- Chist Roi ( Gitega) – La Colombe ( Bujumbura)- PVP Buyenzi ( Bujumbura)- Ubuntu Women FC ( Kayanza)- FOFILA PF ( Ngozi)- Onze Etoiles ( Bujumbura)

Itsinda rya kabiri: Etoile de l’Est ( Ruyigi)- CSA Gatumba ( Bujumbura)- Lionnes FC ( Gihanga)- Kerebuka FC  ( Makamba )- Les Envoyees ( Cibitoke)- Ikirezi FC (Bujumbura)- Arena Stars New Girls Wananchi ( Bubanza) – Inyange FC ( Rumonge)- Girls of Peace ( Bujumbura).

Iri higanwa rikaba rigiye kuba mu kiringo c’ukwezi mu gice caryo ca mbere, aho inkino za mbere zizoshika ku wa 15 z’ukwezi kwa Ndamukiza.  Ibiboneka n’uko umugwi nserukiragihugu w’abigeme wari witezwe guserukira Uburundi mu gihugu c’Urwanda, mu nkino za CECAFA mu kwezi kwa kane, utazoseruka.

6,065 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment