Scroll to Top

Largie Ramadhani yahawe amasezerano muri Man United.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 22 Mar 2018 05:21 AM / /

Inyuma y’amezi agera ku munani, ashitse muri Academy y’umugwi wa Manchester United, Largie Ramadhan afise amamuko hano iwacu mu Burundi akaba anafise ubwenegihugu bw’Ububiligi.

Ku myaka icumi n’umunani, Largie Ramadhani agiye gufatwa nk’umukinyi wa Manchester United mu bandi bakinyi b’uyo  mugwi.

Largie Ramadhani akaba yakuriye muri Anderlecht mu gihugu c’Ububiligi imbere y’uko aca muri Charlton Athletics, ahava agomwa na Manchester United.

Ku rubuga rwiwe rwa Instagram yanditse ati:

Happy to sign my first professional contract with Manchester United. Hopefully many more to come!”

” Ndishimiye kuronka amasezerano ya mbere nk’umukinyi yabigize umwuga muri Man United, ndizeye ko ivyiza biri imbere.”

Kuva ashitse mu mugwi w’abatarenza imyaka icumi n’umunani wa Manchester  United ( Man United U18), akaba amaze gutsinda  gutanga imipira ivamwo ibitsindo igera kuri itanu.

6,072 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment