Scroll to Top

#Indundi Sports| Nizigiyimana Karim yasezeranye imbere y’amategeko n’umupfasoni wiwe.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 22 Mar 2018 13:38 PM / /

Umukinyi w’Intamba mu rugamba na Gormahia yo muri Kenya, kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 22 Ntwarante niho yasezerana imbere y’amategeko n’umufasha wiwe  Nadjima ko bagiye kubana ubuzima bwabo bwose.

Nk’uko tubikesha ibinyamakuru vyo mu gisagara ca Kigali, ahabereye ivyo birori, Usanase Nadjima niwe mupfasoni wa Makenzi, basanzwe babanye mu  gisagara ca Nairobi, bakaba bamaze kuvyarana n’umwana umwe.

Ibirori vyatangujwe n’ugusinya imbere y’amategeko y’igihugu, bitegekanijwe kubandaniriza ku munsi wa gatandatu, aho bitegekanijwe ko Nizigiyimana Karim azotanga inkwano mu muryango wa Nadjima Usanase.

Tubamenyeshe Karim Makenzi akoze  urwo rubanza mu gihe atariko aragaragara mu kibuga kubw’imvune  yatumye abagwa mu mpera z’umwaka uheze, ivyanatumye atitabira inkino za CECAFA Senior Challenge 2017 zabereye mu gihugu ca Kenya.

 

4,405 total views, 0 views today

Add Comment