Scroll to Top

Bimwe mu vyashikirijwe mu kiganiro cariko gikoreshwa n’abavugizi b’inzego

By La Rédaction / Published on Friday, 23 Mar 2018 04:49 AM / /

Kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 23 Ntwarante umwaka w’2018, abavugizi b’inzego baramutse bagirisha ikiganiro ku bamenyeshamakuru n’abanyagihugu, kikaba cariko kirabera ku murwa mukuru w’intara ya Gitega mw’ihoteri “Troptel”.

Ico kiganiro kibaye ica mbere gikoreshejwe muri uyu mwaka w’2018 kikaba cuguruwe n’ubutumwa bw’umukuru w’igihugu cacu Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza aho yahamagariye abenegihugu kuzigama neza umwimbu barose mw’iyimbura riheze gurtyo babone kwikingira inzara.

Nayo umuvugizi wa Reta y’Uburundi Philippe Nzobonariba, ikibazo kijanye na “Frais de mission” ngo kizokwirwa neza mu nama nshikiranganji yo kuri uyu wa gatatu uza igenekerezo rya 28 Ntwarante uwu mwaka turimwo. Yaboneyeho kandi gushikiriza ko atakibazo kiri hagati ya Reta y’Uburundi n’idini rya Eklezia Gatorika kijanye n’ukuvyara ku rugero yamara iyo mirwi uko ari ibiri ngo iraramiranira.

Kubwa Jean-Claude Karerwa Ndenzako asanzwe ari umuvugizi wa Perezida Petero Nkurunziza, ipete ry'”Imboneza yamaho” umugambwe CNDD-FDD uherutse guha Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza, ngo ntibitangaje cane kuko kuva kera muri uwo mugambwe, Perezida Petero Nkurunziza ngo yamye ahabwa amapete n’icubahiro nayo gutanga amapete ngo si imbonekarimwe haba aha mu gihugu cacu ndetse no mu bindi bihugu.

                                            Désiré Musharitse, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta

Désiré Musharitse asanzwe avugira ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, ngo uburyo burenga imiriyaridi zibiri nibwo bumaze kwegeranywa mu ntererano y’amatora yo mu mwaka w’2020.

Eka na Prosper Ntahogwamiye asanzwe avugira umurwi w’igihugu CENI ujejwe gutegura amatora, amenyesha ko mu misi ya vuba uwo murwi uzoshikiriza ibitigira vy’uburyo butegekanywa kuzokoreshwa mu matora yo mu mwaka w’2020

   Prosper Ntahogwamiye, umuvugizi w’umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubudandaji nawe arahumuriza abanyagihugu ko ikibazo kiri hagati y’amashirahamwe y’ukwunguruza abantu n’ibintu, OTRACO, MEMENTO, VOLCANO, ko kigiye kwirwa kugira barabe ko cotorerwa umuti.

Nayo umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’inyigisho zo gukunda igihugu, Thérence Ntahiraja, ngo hagiye gushirwaho ama “reçus” azoba yanditseko “Amatora meza” akazoba ariyo ngo azokoreshwa mu gutoza intererano y’amatora yo mu mwaka w’2018, aho umuryango umwumwe uzoterera amafaranga y’amarundi 2000, yaba imiryango y’abanyagihugu ndetse n’iy’abakozi ba Reta.

3,132 total views, 0 views today

Add Comment