Scroll to Top

Doing business : Uburundi ngo busigaye buri mu kibanza gishimishije

By La Rédaction / Published on Friday, 23 Mar 2018 06:14 AM / /

Uburundi ngo busigaye buri mu kibanza gishimishije mu bijanye n’ishirwaho ry’ubuzi inyuma y’aho hashikirijwe icegeranyo c’ibanki y’isi yose “doing business 2018”.

Nk’uko vyaraye bishikirijwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore, Uburundi ngo busigaye buri mu kibanza gishimishije muri kano karere mu bijanye n’ishirwaho ry’ubuzi inyuma y’aho hashikirijwe icegeranyo c’ibanki y’isi yose “doing business 2018”. Ivyo akaba yabishikirije mu gihe yari yaramutse agirisha inama abajejwe gufata ingingo muri uyo mugambi, hari kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 22 Ntwarante uwu mwaka.

Uburundi ngo bukaba bwinjiye muri uwo mugambi mu mwaka w’2010 bukaba ngo bugiye gushikiriza abahinga bo mw’ibanki y’isi yose mu kwezi kuza kwa Ndamukiza icegeranyo c’ivyaranguwe kuva kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi 2017 gushika kuwa 30 Ndamukiza.

Muri iyo nama kakaba kabaye n’akaryo k’ukuganira kuri uyo mugambi mu ntumbero y’ugushikiriza ico umwumwe wese awiyumvirako guryto ivyashikirijwe bizoshirwe hamwe muri ico cegeranyo kizoshikirizwa ibanki y’isi yose mu kwezi kuza kwa Ndamukiza.

10,328 total views, 0 views today

Add Comment