Scroll to Top

Zari yoba yaraburiwe ivya Diamond ntiyabiha agaciro

By KING YANN COOL / Published on Friday, 23 Mar 2018 11:46 AM / /

Diamond platinumz ubwiwe ngo yibwirira abakobwa ivy’abamwo mu mu buzima bwiwe bw’umuziki imbere yuko bagiriranira ubucuti bukomeye.

Diamond Platinumz ngo yoba yaraburiye Zari imbere yuko bagiriranira imigenderanire ikomeye ivy’ubuzima abamwo mu Muziki. Ivyo ngo aheruka kubishikiriza mu kiganiro yahaye insamirizi yo mu gihugu ca Kenya.

Amakuru dukesha ikinyamakuru co mu gihugu ca Uganda avuga ko Diamond ngo yamenyesheje ko imbere yuko agiriranira ubucuti bukomeye n’umukobwa ngo abanza kumubwira ivy’ubuzima bwiwe bw’umuziki.

Zari agitangura kugendana na Diamond ngo yarabibwiwe ariko ngo yoba atabihaye agaciro. Muvyo yabwiwe harimwo ko ategerezwa kwihanganira Diamond n’ivy’abakobwa baboneka batambana mu biteramo kuko ngo biri mu kazi kiwe.
Ayo makuru nyene akabandanya avuga ko Diamond yanavuze ko abakobwa Bose bakorana ama Video atari abakunzi biwe nkuko benshi bavyibaza.

Sponsored

Ibiboneka muma Video nkaho bagiriranira ibihe vyiza, ngo bikorwa Ku nyungu z’igikorwa ariko arakora. Aho akavuga ko biheza bikagarukira ngaho.

Diamond akaba abishikirije mu gihe aheruka gutandukana na Mama w’abana biwe, kandi aheruka kumenyesha ko uyu mwaka wa 2018 utegerezwa kurangira arongoye.

10,490 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment